12
B.P 690 Bujumbura. Tél.: 222762. Fax : (257) 228907 N°763 15 Ntwarante 2022 «Jewe ndi wa mwungere mwiza » Jn 10, 11a Email:[email protected] Facebook : Journal ndongozi y’uburundi Rusi- ziramarembe; Twitter: Ndongozi y’Uburundi NDONGOZI Y’UBURUNDI Adresse : Candikirwa, kigasohorerwa muri Ndongozi y’Uburundi. Avenue de la mission n° 06 Ikinyamakuru ca Ekleziya Gatolika Umwaka wa 68 Gisohoka kabiri mu kwezi Ikiguzi : 500FBu Ibirimwo o Patiri Stanislas Biraronderwa yaraye arengutse i Bukuma.....................6 o Tumenye kandi twivuze Indwara ya Asima ...............................................7 o Indwara y’amafyigo irababaza cane (Insuffisances rénales)...................7 o Umugambi mushasha wo gukura abana n’abakuze basegerereza mu mabarabara ......................................................................................................8 Abakozi ba Ndongozi Uwujejwe uruganda: * A. Noël NTIRANDEKURA Abamenyeshamakuru: * A. Noël NTIRANDEKURA * Mélance NDAYIKEZE * MSV Marie Goreth NDIKUMANA Uwujejwe ubuhinga: * Chanel HARINGANJI Umunyamabanga: * MSV Marie Goreth NDIKUMANA Umunyabigega: * MSV Anatolie NIYIMPAYE Uwujejwe imigende- ranire: * J. de Dieu NDIKUMANA Inyigisho ya Nyenubweranda Papa Fransisko yerekeye ikarema y’umwaka 2022 Soma ku Rup. 5 Umukenyezi aje imbere mw’iterambere ry’uburimyi no gukingira ibidukikije. «Ntiturambirwe n’ugu- kora iciza, kuko, igihe kigeze, tuzokwimbura nitutatezura. Ni uko rero, tugifise uburyo, nitugirire neza bose» (Abanyagalati 6, 9-10a). Iryo ni ryo jambo shi- mikiro ry’inyigisho ya Nyenubweranda yashi- kirije muri iki gihe c’i- karema Bavukanyi, Ikarema ni igihe kibe- reye co kwinagura kuri buri muntu wese no ku mubano wose kitwere- keza kw’Ipasika ya Yezu Kristu yapfuye akazu- ka. Mu rugendo rw’Ikarema y’umwaka 2022, bizotube- ra vyiza tuzirikanye inyi- gisho Pawulo mweranda yashikirije Abanyagala- ti ati : « Ntiturambirwe n’ugukora iciza, kuko, igihe kigeze, tuzokwi- mbura nitutatezura. Ni uko rero, tugifise uburyo, nitugirire neza bose » ( Abanyagalati 6. 9-10a). Soma ku Rup. 3

Umwaka wa 68 - Eglise Catholique

Embed Size (px)

Citation preview

B.P 690 Bujumbura. Tél.: 222762. Fax : (257) 228907 N°763 15 Ntwarante 2022

«Jewe ndi wa mwungere mwiza » Jn 10, 11aEmail:[email protected]

Facebook : Journal ndongozi y’uburundi Rusi- ziramarembe; Twitter: Ndongozi y’Uburundi

NDONGOZI Y’UBURUNDI

Adresse : Candikirwa, kigasohorerwa muri Ndongozi y’Uburundi. Avenue de la mission n° 06

Ikinyamakuru ca Ekleziya

Gatolika Umwaka wa 68

Gisohoka kabiri mu kwezi

Ikiguzi : 500FBu

Ibirimwo o Patiri Stanislas Biraronderwa yaraye arengutse i Bukuma.....................6

o Tumenye kandi twivuze Indwara ya Asima ...............................................7

o Indwara y’amafyigo irababaza cane (Insuffisances rénales)...................7

o Umugambi mushasha wo gukura abana n’abakuze basegerereza mu mabarabara ......................................................................................................8

Abakozi ba Ndongozi

Uwujejwe uruganda:* A. Noël NTIRANDEKURA

Abamenyeshamakuru:* A. Noël NTIRANDEKURA* Mélance NDAYIKEZE* MSV Marie Goreth NDIKUMANA

Uwujejwe ubuhinga:* Chanel HARINGANJI

Umunyamabanga:* MSV Marie Goreth NDIKUMANA

Umunyabigega:* MSV Anatolie NIYIMPAYE

Uwujejwe imigende-ranire:* J. de Dieu NDIKUMANA

Inyigisho ya Nyenubweranda Papa Fransisko yerekeye ikarema y’umwaka 2022

Soma ku Rup. 5

Umukenyezi aje imbere mw’iterambere ry’uburimyi no gukingira ibidukikije.

«Ntiturambirwe n’ugu-kora iciza, kuko, igihe kigeze, tuzokwimbura nitutatezura. Ni uko rero, tugifise uburyo, nitugirire neza bose» (Abanyagalati 6, 9-10a).

Iryo ni ryo jambo shi-mikiro ry’inyigisho ya Nyenubweranda yashi-kirije muri iki gihe c’i-karema

Bavukanyi,

Ikarema ni igihe kibe-reye co kwinagura kuri buri muntu wese no ku

mubano wose kitwere-keza kw’Ipasika ya Yezu Kristu yapfuye akazu-ka.

Mu rugendo rw’Ikarema y’umwaka 2022, bizotube-ra vyiza tuzirikanye inyi-gisho Pawulo mweranda yashikirije Abanyagala-ti ati : « Ntiturambirwe n’ugukora iciza, kuko, igihe kigeze, tuzokwi-mbura nitutatezura. Ni uko rero, tugifise uburyo, nitugirire neza bose » ( Abanyagalati 6. 9-10a). Soma ku Rup. 3

NDONGOZI 763 AMAKURU Y’EKLEZIYA2

Igisomwa ca mbere: Ihunguka :3,1– 8. 10. 13-15Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : (Imana Mukiza yimenesha Musa )

Muri irya minsi, Musa yariko araragira intama za sebukwe Yetro, umusaserdoi wa Madiyani. Umunsi umwe, yari yazijanye mu gahinga, ashika ku musozi w’Imana witwa Horebi. Umumarayika w’Umukama aramubonekera, asa n’urubeya rurabiriza mu gisaka. Musa ngo aje kuraba, abona kino gisaka gisa n’igiton-gorero c’umuriro, ariko kidasha. Niko kwibwira ati : « Hinge negere, maze nihweze ivyo bintu, ndabe n’igi-tuma ico gisaka kidasha. »Umukama aramubonekera ariko aregera ngo arabe neza uko bimeze, aca aramuhamagara ari hagati mu gisaka ati : « Musa ! Musa ! » Nawe ati : « Ndaren-gutse. » Araheza amubwira ati : « Nturuhe wegera ngaha, mbere niwambure inkweto zawe, kuko aha uhagaze ari ahantu hasonerwa. » Umukama aron-gera kumubwira ati : « Ni jewe Imana ya basokuru, Imana ya Ibrahimu, Imana ya Izahaki n’ Imana ya Yakobo. » Musa aca yipfuka mu maso, kuko yatinya kuraba Imana. Umukama aramubwira ati : « Nabo-nye ay’igihugu canje kigorewe mu Misiri, numvise amaborogo bavuza kubera uruhuha rw’ababakoresha ; ni ivy’ukuri, ndazi amagorwa barimwo. Nashinze ku-bakura mi minwe y’Abanyamisiri, ngo ndabajane mu ntara imera kandi nini, mu gihugu c’amata n’ubuki. Genda, ndakurungitse kwa Faraoni, ukure mu Misiri igihugu canje, abana b’Israyeli. » musa rero abwira Imana ati : « Ego ndagiye kuraba Abanyisraeli, nda-babwire nti : Imana ya basokuru yantumye iwanyu. Yamara nibambaza izina ry’uwantumye, nzobishura iki ? Imana isubiza Musa iti : « Ndi Uwuriho. Ng’aya amajambo uzoshikiriza Abanyisraeli, uti : « Uwuriho niwe yabantumyeko. » Imana yongera kubwira Musa iti : « Uzobwira bene Israeli uti : Umukama, Imana ya basokuru, Imana ya Ibrahimu, Imana ya Izahaki, Imana ya Yakobo, niyo yabantumyeko. Iryo ni ryo zina nzokwamana, ni ryo muzoshobora kunyibukirako mwe n’abo muzovyara bose, imyaka n’imyaka. »

Igisomwa ca kabiri : Abanyakorenti: 10,1- 6. 10- 12Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abanyakorenti:

(Imana iratwibutsa ngo twisubireko)

Ncuti zanje : sinshaka ko muyoberwa ivyabaye mu gihe ba sokuru bava mu Misiri. Bose bagenda ba-hagarikiwe n’igicu, kandi bose barajabutse ikiyaga gitukura. Bose bari bunze ubumwe na Musa, basa

n’ababatirijwe muri ca gicu no mu kiyaga, bose barariye ya mfungurwa imwe y’umutima ; bahora banywa amazi ava muri ca gitandara cibuye caba herekeza, na co ico gitandara cari ikimenyetso ca Kristu.Ariko rero, benshi muri bo ntibagororokeye Imana, baraheza bagwa mu gahinga. Ivyo vyarabaye ngo bitubere akarorero, ntitwipfuze ibibi nkuko ba so-kuru babigizeNtimwododombere Imana, nkuko bamwe muri bo babigize, maze bagatikira. Ivyo vyose vyabashikiye ngo bitubere akarorero, kandi vyanditswe ngo bitu-bere impanuro, twebwe twegereye iminsi ya nyuma. None rero, uwigira ngo arahagaze, niyitegereze yoye kugwa.

Inkuru nziza : Luka : 13, 1 – 9

Ijambo ryawe ni iry’ukuri, Mukama, itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

- Umukama yavuze ati : « Nimwihanure, kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »

Ijambo ryawe ni iry’ukuri, Mukama, itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nkuko twayishikirijwe na Luka :

(Imana ntihengeshanya kudukebura ngo twihanu-re)

Umunsi umwe, haza abantu biganira Yezu ayashi-kiye Abanyagalile, ingene Pilato yabakurikije inku-ka bari bake guhereza. Yezu arabishura ati : « Mu-girango abo Banyagalile babonye ayo yose kuko bari bacumuye kuruta abandi bose ? Ndabibabwiye : haba n’intete ; ariko na mwebwe nimutihana, muzoshira mutyo mwese. Canke, ba bandi cumu n’umunani basidukirwako n’umunara wa Siloe ukabica, mu-gira ngo bari bakoze akabi gusumba ak’abandi bose baba i Yeruzalemu ? Ndabibabwiye : Haba n’intete ; ariko, na mwebwe nimutihana, muzoshira mutyo nyene. »Yezu araheza abacira uyu mugani ati : « Habaye umuntu yari afise igiti c’ifigiye mu murima wiwe w’imizabibu. ngo aze kwamura, asanga ntihagirako namba. Abwira uwamurabira imizabibu ati : ‘Raba, haheze imyaka itatu yose nza kurondera ivyamwa kuri iyo figiye, sinsangeko n’ikirazira ; gice, nakare cononye ubwatsi ku busa.’ Na we aramwishura ati : « Databuja, enda banza urorere uyu mwaka, mban-ze nimwe iruhande, ndagitabire. Ubwo hari naho cokwama, na ho nikitama, uzogica. »

Idominika ya 3 y’Ikarema , Umwaka C

3NDONGOZI 763AMAKURU Y’EKLEZIYAInyigisho ya Nyenubweranda Papa Fransisko yerekeye

ikarema y’umwaka w’20221. Imbuto y’ukubiba n’umwimbu

Muri iki kigabane, Umu-tumwa Pawulo akoresha imvugo ngereranyo y’im-buto y’ukubiba n’um-wimbu Yezu akunda gu-koresha (raba Matayo 13). Pawulo mweranda atubwira igihe kiroranye (chairos) : igihe kibereye co kubiba iciza kugira ngo umuntu aheze yim-bure. Ico gihe kiroranye ni ikihe kuri twebwe ?

Birumvikana ko ico gihe kiroranye ari Ikarema, a-riko kandi kikaba n’ubu-zima bwacu bwo ng’aha kw’isi, nayo Ikarema ika-ba ari bwo imenyesha mu bundi buryo.

Mu buzima bwacu, umwi-na w’ivy’isi n’ubwishime, ukwipfuza kuba satuntu twanje, kurundarunda amatungo n’ukwishinga kwirira n’ukwinywera, ni vyo usanga dukunda gushira imbere ya vyose, nk’uko vyigaragaje kuri wa mutunzi w’i-kibura-bwenge wo mu Nkuru Nziza, we yafata ko ubu-zima bwiwe ari bwiza kandi ko burimwo ubu-hirwe kubera umwimbu mwinshi yimburiye mu bigega vyiwe (raba Luka 12,16-21).

Ikarema idutumirira kwisubirako, guhindura ivyiyumviro, kugira ngo ubuzima bube ubw’ukuri kandi bube bwiza atari kubw’amaronko, ariko ku-bw’ukwakira ingabirano y’Imana; atari ku bw’u-kurundarunda amatungo, ariko mu guteragira im-

buto y’iciza no mu gu-sabikanya n’abandi ivyo dufise.

Umurimyi wa mbere ni Imana Yo nyene, Yo mu kutiziganya « yama ikwi-ragiza imbuto z’iciza mu bantu » (Inyigisho Fra-telli tutti, n. 54).

Mw’Ikarema dutumiri-we kwishura ingabirano duhabwa n’Imana mu kwakira Ijambo ryayo «rizima kandi rirangura ico rivuga » (Abahebereyi 4, 12). Ukwama twumvi-riza Ijambo ry’Imana bi-komeza ukwama tworo-heye igikorwa caryo (raba Yakobo 1, 21) gituma ubu-zima bwacu burondoka.

Usangwa rero ivyo bitu-nezereza, hari akantu umuhamagaro w’ « ugu-sangira igikorwa n’Ima-na » (1Abanyakorenti 3, 9), mu kutagisha uburyo dufise ubu (raba Abanye-fezi 5, 16) kugira ngo na-twe tubibe mu gukora iciza.

Uwo muhamagaro wo kubiba iciza ntubwiri-zwa gufatwa nk’umuzigo, ariko ubwirizwa gufatwa nk’inema Umuremyi ako-resha mu kutunywanisha rwose n’urukundo rwiwe rwamana itoto.

Umwimbu na wo ? Bu-rya umuntu ntabiba ku-gira ngo azokwimbure ? Ni vyo koko.

Isano riri hagati y’imbuto n’umwimbu rirashiman-girwa na Pawulo mwe-randa ubwiwe, aho yeme-za avuga ati: « Uwubiba bike azokwimbura bike,

uwubiba vyinshi azo-kwimbura vyinshi » (2 Abanyakorenti 9, 6).

Ariko uwo mwimbu ni uwuhe? Icamwa ca mbe-re c’iciza kibibwe, kiri muri twebwe nyene no mu migenderanire yacu ya misi yose, gushika no mu tuntu dutoduto tuga-ragaza ubuntu bwacu.

Mu Mana, nta gikorwa na kimwe c’urukundo naho coba gito gute, kandi nta n’« uburuhe buvuye ku rukundo » biba impfagusa (raba Inyigisho Evangelii gaudium, n. 279).

Nkuko igiti kirangwa n’ivyamwa vyaco (raba Matayo 7, 16-20), niko n’ubuzima bwuzuye ibi-korwa vyiza buba umuco (raba Matayo 5, 14-16). Burongera bukazanira isi akamotera ka Kristu (raba 2 Abanyakorenti 2, 15).

Ugukorera Imana, uda-cumura, bituma wimbura ivyamwa vy’ubweranda kubw’urukiza rw’abantu bose (raba Abanyaroma 6, 22).

Ku bisanzwe, nta kindi turekuriwe kubona atari agace gatoyi k’icamwa c’ivyo tubiba, nk’uko wa mugani wo mu Nkuru Nziza ubivuga ngo : «Hari uwubiba, hakaba n’uwi-mbura » (Yohani 4, 37).

Egome ni mu kubiba tu-rondera ineza y’uwundi du-heza tugasangira n’I-mana umutima wagutse: «Ha-riho iteka rinini mu gusho-bora gutanguza ingendo z’ivyamwa bizamurwa

n’abandi, mu gushira u-mwizero mu nguvu zita-boneka z’iciza cabibwe» (Inyigisho Fratelli tutti, n. 196).

Ukubiba iciza urondera ineza y’abandi birature-murura ukwiyumvira gu-fatiye hagufi, gutuma tu-rondera ineza yacu gusa, bikongera kandi bigaha ibikorwa vyacu umwuka wo gukora tutarondera inyungu, mu kutwinjiza mu migambi y’Imana y’ukutugirira ineza.

Ijambo ry’Imana rirâgura kandi rikarushirizaho gu-kirurutsa amaso yacu, ri-katumenyesha ko umwi-mbu nyawo ari umwimbu wo mu bihe vyanyuma, umwimbu wo ku musi wa nyuma, umwimbu wo ku musi izuba ritazoba riki-zima.

Icamwa c’ubuzima bwa-cu n’ic’ibikorwa vyacu ni « icamwa c’ubuzima budahera » (Yohani 4, 36) kizoba « itunga rya-cu ridahera mw’ijuru » (Luka 12,33 ; 18,22).

Yezu we nyene arako-resha imvugo ngereranyo y’urubuto rupfira mw’ivu hanyuma rukama ku-gira ngo yerekane iki-nyegezwa c’urupfu n’izu-ka vyiwe (raba Yohani 12,24) ; na Pawulo mwe-randa arayikoresha mu kuvuga izuka ry’umubiri wacu : « Habibwa ikibora, hakazuka ikitabora, habi-bwa igikengerwa hakazu-ka igihambara, habibwa ikidakomeye,

Ibikur. urup. 5

AMAKURU Y’EKLEZIYA6 NDONGOZI 7634 AMAKURU Y’EKLEZIYA

Kw’igenekerezo rya 8 ntwarante, uko umwaka utashe, harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Mu Burundi, uyo munsi wahimbajwe mu ntara ya Rumonge, ku civugo ngo: « Umukenyezi aje imbe-re mw’iterambere ry’u-burimyi no gukingira ibidukikije ».Mw’ijambo ryiwe, Umu-shikiranganji wo gushigi-kirana, imibano, agateka ka zina muntu n’iteram-bere ridakumira, umu-pfaoni Imelda Sabushi-mike, yabanje kwibutsa abari aho inkomoko y’uwo munsi. Ati : « Iyo tariki ya 8 Ntwarante yamuka mu bwira bw’abakenyezi. Barayirondeye, barayi-habiye, amakungu agi-rwako arabashigikira. Baragize imyiyerekano y’urutavanako kuva mu mwaka w’1909, muri Amerika (ya Ruguru), mu 1910 i Buraya muri Copénague,1917 mu Bu-rusiya. Uwo musi waha-vuye wemezwa mu 1921.

Abo bakenyezi baharani-ra agateka kabo, ubutun-gane n’amahoro. Ntiba-rira busema kuko bakora ubuzi bumwe n’abagabo ariko ntibahembwe ku-mwe, mbere bagahem-bwa igice c’umushahara w’abagabo, ntibari ba-rekuriwe kuja mu mato-ra, mu ngwano zari zati-kije inganda mu bihugu vyinshi nta jambo bari bafise. Baca batanguri-ra ngaho bagwanya ako karenganyo, baharanira amahoro.

Imyiyerekano yahavu-ye itandukira ibihugu

vyinshi, kugeza aho I-shirahamwe Mpuzama-kungu ONU, mu nama yayo y’itariki 8 Ntwara-nte 1977 ifata ingingo y’ukwama ihimbaza uwo musi, iwitirira “agateka k’umukenyezi n’amaho-ro kw’isi yose”. Haheze imyaka ibiri (1979), heme-zwa amasezerano Mpuza-makungu yo kurandu-rana n’imizi ico cose coza gikumira umukenyezi.”

Yaboneyeho kumenyesha icivugo nyamukuru c’uyo munsi mpuzamakungu wa-hariwe abakenyezi, na co kikavuga kiti: « Umuke-nyezi aje imbere mw’ite-rambere ry’uburimyi no gukingira ibidukikije ». Mu gifaransa naho ki-vuga kiti : «La femme au centre du développement agricole et de la protecti-on environnementale ».

Muti none ico civugo catowe mu ntumbero iyihe ?

Kino civugo catowe mu ntumbero yo guhamaga-rira abakenyezi kwitan-ga gusumba uko bahora mw’iterambere ry’uburi-myi no gukingira ibidu-kikije.

Kino civugo kikaba kija-nye n’intumbero ya Reta y’Uburundi yahariye uno mwaka w’2022 uburimyi hamwe n’icivugo c’ina-ma igira 66 y’Umurwi ujejwe gukurikirana i-yubahirizwa ry’agateka k’umukenyezi kw’isi ce-rekeye gushigikira ite-rambere ridakumira no guhangana n’ihindagu-rika ry’ibihe.

Iterambere rifatiye ku-

burimyi ntirihagaze gu-sa ku bikorwa bijanye no kurwiza umwimbu; ririm-wo kandi ibikorwa bijanye no guhingura umwimbu, kuronderera amasoko no kudandaza ivyavuye mu mwimbu, kurwiza imbuto zirobanuye, ubushakasha-tsi mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi, ihingurwa ry’i-fumbire ry’ikizungu, i-miti y’ibiterwa, n’ibindi.

Mu ntumbero yo guteza imbere uburimyi no gu-kingira ibidukikije, ibi-tari bike biramaze ku-rangurwa.

Aha twoshimikira cane-cane ku :* Kuronsa abenegihugu umwavu w’ikizungu ku giciro kitavuna;* Kuronsa abenegihugu i-bitungwa borora mu ntu-mbero yo kunywanisha uburimyi n’ubworozi; * Gukwiragiza imbuto zirobanuye biciye mu gu-fasha abarwizambuto;* Guhimiriza abenegihu-gu gushira hamwe ama-tongo yabo mu ntumbero yo kuronka amatongo maninimanini; * Ingingo ya Reta ye-rekeye kwororera mu mpongore ituma aborozi baronka amase menshi n’umwimbu ushimishije w’amata n’inyama;* Iyubakwa ry’ibigega rusangi vyo kubika um-wimbu, bituma abarimyi bagurisha umwimbu ba-ronse mu gihe ufise aga-ciro mu masako; * Iyubakwa ry’amasoko ya kijambere rituma ibida-ndazwa bigirirwa isuku rikwiye, maze bigatuma agaciro kavyo kiyonge-ra;

Umukenyezi aje imbere mw’iterambere ry’uburimvyi no gukingira ibidukikijie

Patiri Noël Ntirandekura

* Iyubakwa ry’amaba-rabara ya kijambere ri-tuma intara zihanahana ibidandazwa umwimbu ukagira agaciro;* Guhimiriza abakenye-zi gukorera mu mashira-hamwe, kubakarihiriza ubwenge no gukwiriki-rana irangurwa ry’imi-gambi y’amashiraham-we yabo;* Ishingwa ry’umunsi wahariwe gukingira ibi-dukijije buri ndwi;* Itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’umugambi “Ewe Burundi urambaye” mu ntumbero yo gutera ibi-ti ku mitumba igaragara no gukingira inzuzi n’i-biyaga, n’ibindi. * Itanguzwa ry’Ibanki y’abakenyezi mu ntum-bero yo gufasha abake-nyezi kuronka ingurane itavuna yo kurangura imigambi yo kwiteza im-bere na cane cane mu gi-sata c’uburimyi n’ubwo-rozi; Umushikiranganji Imel-da Sabushimike yaran-gije ijambo ryiwe atera akamo abakenyezi bose gusidukana n’iyonka mu kuja kwuguruza ama konte yabo mw’i banki y’abakenyezi iherutse kwugururwa hamwe no-gutuganya neza imigam-bi itomoye kandi ishika kw’iterambere ririrama.

Ni harambe iterambere ry’umukenyezi rishingiye kw’iterambere ry’uburi-myi no gukingira ibidu-kikije!

NDONGOZI 763 5AMAKURU Y’EKLEZIYA

(Bitangurira ku rup.3)hakazuka igikomeye, ha-bibwa umubiri usanzwe, hakazuka umubiri uge-nzwa na Mutima » (1Aba-nyakorenti 15, 42-44).

Uwo mwizero ni wo muco mukuru Kristu yazutse azana kw’isi : « Nitwaba twizigiye Kristu muri ubu buzima gusa, turateye iki-gongwe kurusha abandi bantu bose. Kira none-ho! Kristu yarazutse mu bapfuye, aba ariwe aba-tangurira » (1 Abanyako-renti 15, 19-20).

Ku buryo bw’uko aba-baye umwe na we mu rukundo « mu rupfu ru-sa n’urwiwe» (Abanya-roma 6, 5), baba kandi umwe na we mw’izuka ryiwe ry’ubuzima buda-hera (raba Yohani 5, 29) : «Abantu b’intungane nabo bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wabo» (Matayo 13, 43).

2 . « N t i t u r a m b i r w e n’ugukora iciza »

Izuka rya Kristu rirakabu-ra kw’isi imyizero y’ « ukwi-

zigira kunini » kw’ubuzima budahera kandi rikinjiza akabuto k’urukiza mu bihe vya none (raba Be-nedigito wa XVI, Inyigi-sho Spe salvi, nn, 3.7). Imbere y’umubabaro uko-meye uvuye ku kuntu in-doto nyinshi zitarangutse, imbere y’amakenga atewe n’ibiduhanamiye, imbere y’umwiheburo uvuye ku bukene bwacu bw’uburyo, amageragezwa ni uguca umwe wese yigungira ku vyiwe no mu guhunga amagorwa y’abandi.

Kukaba nkako, n’ama-sôko meza avamwo ibi-tunga abantu ari n’aho agera : « Imisore iraruha ikarambirwa, imikangara iratsitara ikagwa » (Izaya 40, 30), ariko Imana « iha ubukomezi uwurushe, i-kongerereza ingoga nta-magara. […] Abizigiye Umukama bo, ubukomezi bwabo bwama bwongerekana ; bagasa-nza amababa nk’inkona, bariruka ntibaruhe, ba-ragenda ntibarambirwe » (Izaya 40, 29.31).

Ikarema itwibutsa gu-

shingira ukwemera kwa-cu n’ukwizigira kwacu ku Mukama (raba 1 Petero 1, 21), kuko duhanze ama-so Yezu Kristu yazutse (raba Abahebereyi 12, 2) ni ho dushobora kwakira inyigisho y’Umutumwa Pawulo ivuga iti : « Ntitu-rambirwe n’ugukora iciza » (Abanyagalati 6,9).

Ntiturambirwe n’uguse-nga. Yezu yarigishije ko ari « uguhozako mu gu-saba ata kurambirwa » (Luka 18,1).

Tubwirizwa gusenga ku-bera ko dukenye Imana. Ukuvuga ko wikwiye ku-ba ari ukwihenda cane rwose. Mu gihe ikiza cagaragaze amagara make y’umuntu n’ayo mu kibano, ese iyi Karema yodutuma twu-mva indemesho y’ukwe-mera Imana, kuko ata kwemera dufise ntitwos-hobora kuragama (raba Izaya 7,9). Nta muntu yikiza we-nyene, kubera ko twese turi mu bwato bumwe mu bisebuzi vy’akahise. Ariko cane cane nta

muntu akira atari ku bw’Imana, kuko ikinye-gezwa ca pasika ya Yezu Kristu co nyene nico gi-tanga intsinzi ku mazi mabi y’urupfu.

Ukwemera ntikutubuza kuronka ibitugora vy’u-buzima, ariko kudutuma tubijabuka turi kumwe n’Imana muri Kristu, du-fise umwizero munini uda-tetereza kandi wemezwa n’urukundo Imana yasa-sagarije mu mitima yacu ku bwa Mutima Mwera-nda (raba Abanyaroma 5, 1-5).

Ntiturambirwe no gutuza ikibi mu buzima bwacu.

Ese ukwisonzesha ku mu-biri Ikarema iduhamaga-rira, kwokomeza umutima wacu kugira ngo turwa-nye igicumuro.

Ntiturambirwe mu gusa-ba ikigongwe mw’Isaka-ramentu ry’Ikigongwe, tuzi ko Imana itaruhis-hwa no kutugirira iki-gongwe.

Patiri Stanislas Biraronderwa yaraye arengutse i BukamaIbikuru bikuru vyaranze ubu-zima bwiwe ni ibiki?

Patiri Stanislas BIRARONDE-RWA, yitavye Imana mu bucagu-cagu bwo ku munsi wa gatatu, ige-nekerezo ry’9 Ntwarante muri uyu mwaka w’2022.

Ni we yakurira abasaserdoti b’i-mvukira bose mu Burundi. Mu vyo banditse, yavutse mu mwaka w’1929. Yari amaze rero imyaka 93. Ariko abo yahora aganirira, ba-

vuga ko ashobora kuba yari afise nk’imyaka 95, canke irenga.

Yavukiye i Kayoyo, muri Paruwase ya Ryarusera, hagikukira Paruwase ya Rushubi. Ni naho yagi-riye amashure y’inta-ngo, yongera aharonke-ra ibatisimu mu 1938. Abavyeyi biwe ni Yohani Mananda na Muzakare.

Ibikurikira ku rup.6

Inyigisho ya Nyenubweranda Papa Fransisko yerekeye ikarema y’umwaka w’2022

Ibikurikira ku rup.12

6 NDONGOZI 763 AMAKURU Y’EKLEZIYA N’IMIBANO

Amashure yisumbuye ya-yagiriye mw’iseminari ntoyi y’i Mugera. Yoba yahashitse mu mwaka w’1941. Yahamaze imya-ka 7.

Ahejeje iseminari ntoyi yaciye yinjira mw’isemi-nari nkuru yo mu Nyaki-banda, mu Rwanda. Ya-hize imyaka 3 y’ivyigwa vya Filosofiya, n’umwa-ka umwe wa Teolojiya.

Kuva mu mwaka 1953 yaciye yimukira mw’ise-minari y’i Burasira. Ni ho yashishikariye ivyi-gwa vya Teolojiya. Yaha-maze imyaka 4.

Yaronse ubudiyakoni kw’i-genekerezo ry’27 Nyaka-nga 1956, yatirwa mu busaserdoti igenekerezo rya 23 Ndamukiza 1957, muri paruwase ya Ru-shubi.

Aho yagiye ararangu-rira ubutumwa.

Mu mwaka wa mbere akiba patiri, yabaye mu-ri paruwase ya Gitega, ashingwa no kuyobo-ra amashure y’intango yo ku Ndava, ishure rikuru ry’itabariro rya paruwa-se ya Gitega (ryahavu-ye riba paruwase mu 1974).

Mu mwaka ukurikira (1958-1959) yagenwe ku-ba umunyabigega (éco-nome) muri paruwase ya Rushubi.

Mu mwaka w’1960 yi-muriwe muri paruwase ya Bukeye, ari umunya-bigega. Ntiyahatevye, kuko kuva mu kwezi

Patiri Biraronderwa ya-rakunda cane igisabisho c’imisa, n’igisabisho aba-saserdoti bahamagariwe gushikiriza kw’izina ry’i-gihugu c’Imana.

Mu gihe c’urwimo rwo mu 1993, Patiri Stani-slas Biraronderwa, i Ki-ganda, na mugenziwe P. Petero Mutindi, i Mu-na-nira, barabaye imboneza, aho benshi bari bahu-ndagaye.

Barafashije abantu bo mu makomine ya Ki-ganda na Rutegama ku-garukana hagati yabo imigenderanire myiza yari yatosekajwe n’ubwi-canyi bwabaye. Abantu barasubira kugendera-nira, barafashanya mu makuba yari yashitse.

Igiti ciza bavuga ko uki-menyera ku vyamwa ca-ma. Turashobora kuvuga tudakekeranya ko P. Stanislas Biraronderwa yabaye mu muryango w’Ekleziya igiti ciza.

Igiti cama amahoro, u-rukundo, umwumvikano mu bantu. Umukama nye-ne ikigongwe n’impuhwe yakirane iteka ribereye uwo musavyi n’umutu-mwa wiwe.

Vyashikirijwe mu Nkuka y’Imisa yo kumuherekeza yabereye muri Katedrale Regina Mundi, igenekerezo rya 11 Ntwarante 2022.

Gabriel Baregensabe

Patiri Stanislas Biraronderwa yaraye arengutse i Bukamakwa Ruheshi umwaka w’1961 gushika muri Gi-tugutu c’uwo mwaka nye-ne yashinzwe gutanguza paruwase ya Mubimbi.

Inyuma y’amezi atanu gu-sa ari i Mubimbi, yaciye agenwa kuba patiri mu-kuru wa Paruwase Yozefu Mweranda mu Ngagara.

Yahashitse muri Munyo-nyo 1961, ahava mu ci mu mwaka w’1975, aha-maze imyaka 15.

Patiri Stanislas yari azi imiryango nka yose y’a-bakristu bakukira Nga-gara. Yarafata umwanya wo kubasanga imuhira, aho baba, yakunda kwi-gira n’amaguru. Ngira ni naho yoba yakuye agata-zirano ka « Kilometero » !

Kuva mu ci, umwaka w’1975, yagiye gusubi-rira abapatiri bera muri Paruwase ya Bubanza. Yahamaze imyaka 4, gu-shika mu 1979.

Avuye i Bubanza, muri Munyonyo 1979, yagiye kuba patiri mukuru mu-ri paruwase ya Jenda. Ahamara imyaka 8.

Yavuye mw’i Jenda aja gutanguza Paruwase ya Bukwavu mu 1987.

Ntiyahatevye, mu mwa-ka ukurikira w’1988 ya-genwe kuba patiri mu-kuru wa paruwase ya Kiganda, gushika mu mwaka w’2007.

Kuva 2007 gushika mu mwaka w’2013, yari pa-tiri mukuru wa Paruwae bukeye. Ico gihe cose yari icariho c’umwepis-kopi mu ntara y’ubutu-

mwa ya Muramvya.

Kuva mu ci ry’umwaka 2013 umwepiskopi yaci-ye amuruhurira.

Nta bundi butumwa yasubiye kumushinga. Ariko ntiyagumye are-ze amaboko, aho yari aruhukiye mu Bukeye, yarunganiye cane pati-ri mukuru mushasha. Aho amagara atanguriye kumukika, mu mwaka w’2020, yahavuye aza ku-ba kuri paruwase ya St Michel, hafi y’abaganga.

Abamenye Patiri Stani-slas Biraronderwa, bara-zi ko yari umusaserdoti w’akarorero, umushin-gantahe w’ijambo, rifa-tiye ku bukristu bw’uku-ri.

Yakunda ibanga yatora-nye ry’ubusaserdoti. Igi-he yari agifise amagara, nta nama canke ihwaniro ry’abasaserdoti yasiba kwitaba. Kandi agafata ijambo ryubaka.

Yari mu bantu bafise umwete wo gusoma ibi-tabu, canke izindi nya-ndiko zerekeye ubuzima bw’Ekleziya.

Yarakunda gutohoza no gushikiriza abandi inyi-gisho z’ukuri z’ijambo ry’I-mana na Ekleziya. Imana yari yaramuhaye ingabirano y’ukutagira «urwiba»! Gushika muri iyo minsi ya nyuma, twe-bwe tukiri bato hagize ikituzazanira, canke ica kera dushaka kumenya, yaca buno nyene abigu-tondekera. Ico tuzokwama tu-mwibikrako ni iki?

7NDONGOZI 763 AMAGARA Y’ABANTU

Asima ni imwe mu nd-wara ziteye ubwoba, ku-ko ihitana benshi baba abakiri bato (abana) can-ke abakuze, kandi ikaba imaze gufatwa nk’indwa-ra idakira. Muti none iyo ndwara ifata gute ?

Indwara ya asima ni ind-wara ifatira mu bihimba vy’ihemero. Iyo ndwara i-sinzikaza umuntu bitewe n’imiringoti ijana impwe-mu nziza twita oxygène.

Iyo miringoti nayo ikaba yita bronches n’udutsi dutoduto tuyivako bita bronchioles, ikoberana maze igatangura kuzana uruziri (mucus) bitewe n’icakabuye umubiri ki-kawutera guhinduka (al-lergies) maze bigatu-ma impwemu zitaba zicinjira neza.

Ivyo bishika kenshi iyo ikirere cahindutse haga-kanya canke mw’ijoro ca-nke muntumuka canke inzu yugaye n’ahandi.Ibimenyetso vya Asima:* Guhema udashikana (dyspnée)

* Gukorora cane mbere atanigikororwa kiza (To-ux sèche)

* Kubira indugumba na cane cane iyo igucakami-ranije (ugize crise) (tra-nspiration)

* kumva inda inangiye bitewe n’uko utariko uhe-ma neza mu gihe ca crise, n’ibindiAsima iterwa n’iki ?

Ibitera asima ni vyinshi cane ariko reka tuvuge bimwe bimwe:* Ishobora kuba akaro-

nda (héréditaire) ariko umuntu ntavuka ayi-fise ahubwo avuka afise umubiri woroshe kuyi-rwara (prédisposition gé-nétique).

* ItabiUbumara buva mw’itabi butandukanye nka: Ni-cotine, monoxyde de car-bone, Goudrons, Plomb n’ibindi vyinshi. Birono-na ya miringoti itwara impwemu.

* Kuvukira ahantu ha-nduye

* ubwandu bw’imigera (infection bactérienne) * n’ibindi

Umuti wa asima ni uwuhe ?

1. Guresha ingaburo Cho-leduz complete na vida Max

2. Hariho imiti kama i-vura iyo ndwara. Guko-resha akotsi k’amababi y’ipapaye. N’ibindi tuto-dondagura. Murashobora kwegera abavuzi kama bemewe n’amategeko. Hariho impanuro nyinshi zija-na n’imiti. Ni vyiza ko umuntu afise ico kibazo cane cane ku bantu ba-sanzwe bagendana ubwo bugwayi bwo mwihemero aha twovuga nka sinu-site, bronchite ni bindi bitandukanye yakwegera abavuzi hakiri kare.Ashobora no kwegera aba-vuzi b’imiti kama, two-baha akarorero nk’ivuriro kama riri i buta kw’isemi-nari ntoyi y’i Buta, kwa Patiri Léopold Mvukiye.

Tumenye kandi twivuze Indwara ya Asima (Bitangurira ku rup.5)

Indwara y’amafyigo irababaza cane (Insuffisances rénales)Ingwara y’amafyigo n’ind-wara iteye ubwo kuko ito-roshe kuronke ubutabazi mubuvuzi bw’ikizungu igihe yamaze kugusinzi-kaza

Ubwoko bw’ indwara y’amafyigo

Uburwayi bw’amafyigo buri mu mice itatu:

1. Iyo igitangura itarako-mera cane ( insuffisance rénale aiguë)2. Bimaze gukomera ( in-suffisance rénale chroni-que)3. Ishitse kurugero rwa-nyuma (Insuffisance ré-nale terminale)

Ibikorwa vy’amafyigoAmafyigo afise ibikorwa 3 nyamukuru:

- Kuyungurura amaraso nogusohora umukoyo ku-gira umucafu usohoke kandi abuze ko ubumara bw’ireka mu mubiri- Guhingura inkabuzo zikora mu bindi bikorwa nko gutera amaraso can-ke globules rouges.

- Kuyobora urugero rw’i-vyunyunyu mu mubiri (électrolyte) nka sodium, calcium na potassium, i-gakurikirana urugero rw’-amazi mu mubiri.

Amafyigo 2 yacu afise ihinguriro riyungurura (néphrons). Akayungiro (néphron) kose gafise glo-mérules ( ni nki pano «passoire») ituma ibintu ngirakamaro bidatakara kandi ikagira (tubules) ni uturingoti duto amazi

acamwo.

Birashoboka ko umuntu abaho afise ifyigo rimwe. Iyo amafyigo rero yonone-kaye ntabe agikora, haba hasigaye ko bayavoma (dialyse) canke (greffe ré-nale).Ikibitera iyo ndwara :

• Indwara y’igisukari ( diabète sucré)• Ivuduka rirenze ry’u-murindi w’amaraso (hy-pertension artérielle)• Ubwandu (infection) bwo mu mafyigo ( pyélo-néphrite)• Utuvyimba two mu mafyigo• Gukomantara kw’imit-si• Kuziba kw’inzira z’um-wanda muto• Gukoresha imiti ituma

amafyigo atayiyunguru-ra.

Ibimenyetso- Kwihagarika cane, bi-gakara mw’ijoro- Kwihagarika, hakaza amaraso.- Kuvyimba amaso, ama-boko n’ibirenge- Uburuhe- Kubura akayabu- Kunyoterwa cane- Gutakaza ibiro- Ivuduka ry’umurindi w’amaraso urenze. Iyo imaze kumusinzikaza, haragera naho umuntu ata ubwenge.

Egera muganga, kandi ugabanye canke uhebe ivyo bibuza amafyigo gu-kora neza

Ndongozi

Ndongozi y’Uburundi

6 NDONGOZI 763 AMAKURU Y’EKLEZIYA N’IMIBANO

Amashure yisumbuye ya-yagiriye mw’iseminari ntoyi y’i Mugera. Yoba yahashitse mu mwaka w’1941. Yahamaze imya-ka 7.

Ahejeje iseminari ntoyi yaciye yinjira mw’isemi-nari nkuru yo mu Nyaki-banda, mu Rwanda. Ya-hize imyaka 3 y’ivyigwa vya Filosofiya, n’umwa-ka umwe wa Teolojiya.

Kuva mu mwaka 1953 yaciye yimukira mw’ise-minari y’i Burasira. Ni ho yashishikariye ivyi-gwa vya Teolojiya. Yaha-maze imyaka 4.

Yaronse ubudiyakoni kw’i-genekerezo ry’27 Nyaka-nga 1956, yatirwa mu busaserdoti igenekerezo rya 23 Ndamukiza 1957, muri paruwase ya Ru-shubi.

Aho yagiye ararangu-rira ubutumwa.

Mu mwaka wa mbere akiba patiri, yabaye mu-ri paruwase ya Gitega, ashingwa no kuyobo-ra amashure y’intango yo ku Ndava, ishure rikuru ry’itabariro rya paruwa-se ya Gitega (ryahavu-ye riba paruwase mu 1974).

Mu mwaka ukurikira (1958-1959) yagenwe ku-ba umunyabigega (éco-nome) muri paruwase ya Rushubi.

Mu mwaka w’1960 yi-muriwe muri paruwase ya Bukeye, ari umunya-bigega. Ntiyahatevye, kuko kuva mu kwezi

Patiri Biraronderwa ya-rakunda cane igisabisho c’imisa, n’igisabisho aba-saserdoti bahamagariwe gushikiriza kw’izina ry’i-gihugu c’Imana.

Mu gihe c’urwimo rwo mu 1993, Patiri Stani-slas Biraronderwa, i Ki-ganda, na mugenziwe P. Petero Mutindi, i Mu-na-nira, barabaye imboneza, aho benshi bari bahu-ndagaye.

Barafashije abantu bo mu makomine ya Ki-ganda na Rutegama ku-garukana hagati yabo imigenderanire myiza yari yatosekajwe n’ubwi-canyi bwabaye. Abantu barasubira kugendera-nira, barafashanya mu makuba yari yashitse.

Igiti ciza bavuga ko uki-menyera ku vyamwa ca-ma. Turashobora kuvuga tudakekeranya ko P. Stanislas Biraronderwa yabaye mu muryango w’Ekleziya igiti ciza.

Igiti cama amahoro, u-rukundo, umwumvikano mu bantu. Umukama nye-ne ikigongwe n’impuhwe yakirane iteka ribereye uwo musavyi n’umutu-mwa wiwe.

Vyashikirijwe mu Nkuka y’Imisa yo kumuherekeza yabereye muri Katedrale Regina Mundi, igenekerezo rya 11 Ntwarante 2022.

Gabriel Baregensabe

Patiri Stanislas Biraronderwa yaraye arengutse i Bukamakwa Ruheshi umwaka w’1961 gushika muri Gi-tugutu c’uwo mwaka nye-ne yashinzwe gutanguza paruwase ya Mubimbi.

Inyuma y’amezi atanu gu-sa ari i Mubimbi, yaciye agenwa kuba patiri mu-kuru wa Paruwase Yozefu Mweranda mu Ngagara.

Yahashitse muri Munyo-nyo 1961, ahava mu ci mu mwaka w’1975, aha-maze imyaka 15.

Patiri Stanislas yari azi imiryango nka yose y’a-bakristu bakukira Nga-gara. Yarafata umwanya wo kubasanga imuhira, aho baba, yakunda kwi-gira n’amaguru. Ngira ni naho yoba yakuye agata-zirano ka « Kilometero » !

Kuva mu ci, umwaka w’1975, yagiye gusubi-rira abapatiri bera muri Paruwase ya Bubanza. Yahamaze imyaka 4, gu-shika mu 1979.

Avuye i Bubanza, muri Munyonyo 1979, yagiye kuba patiri mukuru mu-ri paruwase ya Jenda. Ahamara imyaka 8.

Yavuye mw’i Jenda aja gutanguza Paruwase ya Bukwavu mu 1987.

Ntiyahatevye, mu mwa-ka ukurikira w’1988 ya-genwe kuba patiri mu-kuru wa paruwase ya Kiganda, gushika mu mwaka w’2007.

Kuva 2007 gushika mu mwaka w’2013, yari pa-tiri mukuru wa Paruwae bukeye. Ico gihe cose yari icariho c’umwepis-kopi mu ntara y’ubutu-

mwa ya Muramvya.

Kuva mu ci ry’umwaka 2013 umwepiskopi yaci-ye amuruhurira.

Nta bundi butumwa yasubiye kumushinga. Ariko ntiyagumye are-ze amaboko, aho yari aruhukiye mu Bukeye, yarunganiye cane pati-ri mukuru mushasha. Aho amagara atanguriye kumukika, mu mwaka w’2020, yahavuye aza ku-ba kuri paruwase ya St Michel, hafi y’abaganga.

Abamenye Patiri Stani-slas Biraronderwa, bara-zi ko yari umusaserdoti w’akarorero, umushin-gantahe w’ijambo, rifa-tiye ku bukristu bw’uku-ri.

Yakunda ibanga yatora-nye ry’ubusaserdoti. Igi-he yari agifise amagara, nta nama canke ihwaniro ry’abasaserdoti yasiba kwitaba. Kandi agafata ijambo ryubaka.

Yari mu bantu bafise umwete wo gusoma ibi-tabu, canke izindi nya-ndiko zerekeye ubuzima bw’Ekleziya.

Yarakunda gutohoza no gushikiriza abandi inyi-gisho z’ukuri z’ijambo ry’I-mana na Ekleziya. Imana yari yaramuhaye ingabirano y’ukutagira «urwiba»! Gushika muri iyo minsi ya nyuma, twe-bwe tukiri bato hagize ikituzazanira, canke ica kera dushaka kumenya, yaca buno nyene abigu-tondekera. Ico tuzokwama tu-mwibikrako ni iki?

7NDONGOZI 763 AMAGARA Y’ABANTU

Asima ni imwe mu nd-wara ziteye ubwoba, ku-ko ihitana benshi baba abakiri bato (abana) can-ke abakuze, kandi ikaba imaze gufatwa nk’indwa-ra idakira. Muti none iyo ndwara ifata gute ?

Indwara ya asima ni ind-wara ifatira mu bihimba vy’ihemero. Iyo ndwara i-sinzikaza umuntu bitewe n’imiringoti ijana impwe-mu nziza twita oxygène.

Iyo miringoti nayo ikaba yita bronches n’udutsi dutoduto tuyivako bita bronchioles, ikoberana maze igatangura kuzana uruziri (mucus) bitewe n’icakabuye umubiri ki-kawutera guhinduka (al-lergies) maze bigatu-ma impwemu zitaba zicinjira neza.

Ivyo bishika kenshi iyo ikirere cahindutse haga-kanya canke mw’ijoro ca-nke muntumuka canke inzu yugaye n’ahandi.Ibimenyetso vya Asima:* Guhema udashikana (dyspnée)

* Gukorora cane mbere atanigikororwa kiza (To-ux sèche)

* Kubira indugumba na cane cane iyo igucakami-ranije (ugize crise) (tra-nspiration)

* kumva inda inangiye bitewe n’uko utariko uhe-ma neza mu gihe ca crise, n’ibindiAsima iterwa n’iki ?

Ibitera asima ni vyinshi cane ariko reka tuvuge bimwe bimwe:* Ishobora kuba akaro-

nda (héréditaire) ariko umuntu ntavuka ayi-fise ahubwo avuka afise umubiri woroshe kuyi-rwara (prédisposition gé-nétique).

* ItabiUbumara buva mw’itabi butandukanye nka: Ni-cotine, monoxyde de car-bone, Goudrons, Plomb n’ibindi vyinshi. Birono-na ya miringoti itwara impwemu.

* Kuvukira ahantu ha-nduye

* ubwandu bw’imigera (infection bactérienne) * n’ibindi

Umuti wa asima ni uwuhe ?

1. Guresha ingaburo Cho-leduz complete na vida Max

2. Hariho imiti kama i-vura iyo ndwara. Guko-resha akotsi k’amababi y’ipapaye. N’ibindi tuto-dondagura. Murashobora kwegera abavuzi kama bemewe n’amategeko. Hariho impanuro nyinshi zija-na n’imiti. Ni vyiza ko umuntu afise ico kibazo cane cane ku bantu ba-sanzwe bagendana ubwo bugwayi bwo mwihemero aha twovuga nka sinu-site, bronchite ni bindi bitandukanye yakwegera abavuzi hakiri kare.Ashobora no kwegera aba-vuzi b’imiti kama, two-baha akarorero nk’ivuriro kama riri i buta kw’isemi-nari ntoyi y’i Buta, kwa Patiri Léopold Mvukiye.

Tumenye kandi twivuze Indwara ya Asima (Bitangurira ku rup.5)

Indwara y’amafyigo irababaza cane (Insuffisances rénales)Ingwara y’amafyigo n’ind-wara iteye ubwo kuko ito-roshe kuronke ubutabazi mubuvuzi bw’ikizungu igihe yamaze kugusinzi-kaza

Ubwoko bw’ indwara y’amafyigo

Uburwayi bw’amafyigo buri mu mice itatu:

1. Iyo igitangura itarako-mera cane ( insuffisance rénale aiguë)2. Bimaze gukomera ( in-suffisance rénale chroni-que)3. Ishitse kurugero rwa-nyuma (Insuffisance ré-nale terminale)

Ibikorwa vy’amafyigoAmafyigo afise ibikorwa 3 nyamukuru:

- Kuyungurura amaraso nogusohora umukoyo ku-gira umucafu usohoke kandi abuze ko ubumara bw’ireka mu mubiri- Guhingura inkabuzo zikora mu bindi bikorwa nko gutera amaraso can-ke globules rouges.

- Kuyobora urugero rw’i-vyunyunyu mu mubiri (électrolyte) nka sodium, calcium na potassium, i-gakurikirana urugero rw’-amazi mu mubiri.

Amafyigo 2 yacu afise ihinguriro riyungurura (néphrons). Akayungiro (néphron) kose gafise glo-mérules ( ni nki pano «passoire») ituma ibintu ngirakamaro bidatakara kandi ikagira (tubules) ni uturingoti duto amazi

acamwo.

Birashoboka ko umuntu abaho afise ifyigo rimwe. Iyo amafyigo rero yonone-kaye ntabe agikora, haba hasigaye ko bayavoma (dialyse) canke (greffe ré-nale).Ikibitera iyo ndwara :

• Indwara y’igisukari ( diabète sucré)• Ivuduka rirenze ry’u-murindi w’amaraso (hy-pertension artérielle)• Ubwandu (infection) bwo mu mafyigo ( pyélo-néphrite)• Utuvyimba two mu mafyigo• Gukomantara kw’imit-si• Kuziba kw’inzira z’um-wanda muto• Gukoresha imiti ituma

amafyigo atayiyunguru-ra.

Ibimenyetso- Kwihagarika cane, bi-gakara mw’ijoro- Kwihagarika, hakaza amaraso.- Kuvyimba amaso, ama-boko n’ibirenge- Uburuhe- Kubura akayabu- Kunyoterwa cane- Gutakaza ibiro- Ivuduka ry’umurindi w’amaraso urenze. Iyo imaze kumusinzikaza, haragera naho umuntu ata ubwenge.

Egera muganga, kandi ugabanye canke uhebe ivyo bibuza amafyigo gu-kora neza

Ndongozi

Ndongozi y’Uburundi

NDONGOZI 763 AMAGARA Y’IMIBANO8Umugambi mushasha wo gukura abana n’abakuze

basegerereza mu mabarabara Ku wa 4 Ntwarante 2022, mu nyubakwa z’ihoteri Royal Palace, ubushiki-ranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’i-terambere ridakumira, bwaratunganije inama kumwe n’abasanzwe ba-fasha Uburundi mu ntu-mbero yo kurabira ham-we umugambi mushasha wo gukura mw’ibarabara abana n’abakuze basege-rereza kugira babasubize mu miryango yabo.

Ivyigwa vyatanzwe uwo musi, vyarerekanye ko impinga ikiri ndende cane, kuko bafatiye ku biharuro vyakozwe muri Rusama 2021 mu ntara 9 zigize igihugu, haracibo-nekeza abana bo mw’iba-rara bashika 7000.

Aho twovuga :

Mu gihe abaturongoye mu gisagara ca Buju-mbura n’ayandi mashi-rahamwe yipfuza ineza y’Abarundi atako bata-gize mu guhimiriza Aba-rundi kugira isuku aho baherereye, bakabishira mu ngiro mu gushira ku mabarabara ibisadugu vyo gutamwo imicafu ; biribonekeza ko izo mpa-nuro zaciye mu gutwi kumwe zigaserukira mu kundi. Ku mabarabara , mu miserege imwe imwe yo mu gisagara ca Bu-jumbura henshi uraha-sanga imicafu kandi ivyo bisandugu vyabigenewe bigaragara.

None biva kuki ? Two-menya ko imicafu bene

* Mu gisagara Buju-mbura : 5000;* Intara ya Bujumbura : 120;* Kayanza : 600;* Ngozi : 530;* Muyinga : 150;* Kirundo : 145;* Gitega : 155;* Makamba : 147;* Rumonge : 153.

Muri abo, abana b’aba-hungu, baboneka ku bi-ce 90%, mu gihe abana b’abigeme ari ibice 10%.

Ibituma nyamukuru bi-tuma abana n’abakuze baja gusegerereza mu mabarabara ni :

* Ubukene,

* Umubano mubi hagati y’abavyeyi, * Impanuka z’umwuzure, * Ubugaba,.....

Ibikorwa bitegekanywa gukorwa kugira uwo mu-gambi ushoboke ka-ndi bashike ku ntumbero bi-haye, bizotwara amafran-ga y’amarundi angana imiliyaridi 22 n’imiliyoni 668 (22 668 000 000).

zina muntu, imibano n’i-terambere ridakumira, Félix Ngendabanyikwa, amenyesha ko umwime-nyerezo bagize ku bana 21 basubije kw’ishule, a-bashika 7 muri bo bagize ico bimariye. Ivyo bikere-kana ko igihe abo bana bose bari mw’ibarabara boja mu mashule, hatobu-ramwo incabwenge zigira ico zimariye igihugu.

Tubamenyeshe ko aba-fasha Uburundi bari bi-tavye iyo nama, bagiye bemeye ko bazoshigikira uwo mugambi mu ntam-buko zawo, bagirako ba-nasaba ko hoba iyindi nama yiyaguye yo kura-bira hamwe ingene ivyo biyemeje bobishira mu ngiro.

iyo igizwe n’amaplastike n’ibindi bitabora, kiretse ko iha ishusho itari nziza igisagara cacu, biratuma n’ikirere cononekara.

Ivyo navyo bikagira inga-ruka mbi ku buzima bwa kiremwa muntu n’ibidu-kikije. Iryo suku ntiriha-magariwe gusa abanya-gisagara ca Bujumbura, umusomyi wese w’iki-nyamakuru Ndongozi y’Uburundi, umugambi w’isuku no gukingira ibi-dukikije abigire ivyiwe.

Twikebuke Barundi !!!.

Chanel HARINGANJI

Twikebuke!

Umunyamabanga ntaye-gayezwa mu bushikira-nganji bw’agateka ka

MSV M.Goreth NdikumanaIgisandugu co gutamwo imicafu

Biracaza

Kumenya ico ari co urukundo

Kwinjira mu ruku-ndo utazi iyo biva n’iyo bija, biba bigoye kumenya ingene urwi-twaramwo. Guca rero wibwira ko mu rukundo habamwo ivyiza gusa, kuba ari ukwihenda. Utegerezwa kumenya ko hari n’igihe bita-genda neza nk’uko wavyiyumvira, uga-sanga habaye uguhe-muka canke uguhe-mukirwa.

Kwitiranya uruku-ndo n’amasumiro

Mu rukundo, si aha-ntu umuntu aja ku-ronderera amatungo? Ni ukuvuga, ugaku-nda umuntu kubera ugomba gusa kwiso-romera ibifrangara canke ibindi bijanye n’amaronko.

Iyo ngendo isigaye i-harawe cane mu baso-re n’abigeme. Kenshi hari igihe umuntu a-genda mu rukundo muri ubwo buryo, bi-kamwerera, n’igihe usanga uciye ufatwa

ari vyo. Kuko guhatirizwa gukunda canke gu-kundwa bitewe n’u-muryango, abagenzi,.. bishobora kugira inga-ruka mbi mu buzima kubera uba wabigiye-mwo kubw’igitugu c’u-wundi muntu.

Bishitse rero ukagi-ra ikibazo, ukome-reka gusumba aho wari kubajamwo wi-rimbuye neza.

Kwemera ko mwa-tandukanye

Birashika kenshi ku-bera ntuba uzi ko uwo ukunze, ariwe muzogumana, hara-ho mutandukana.

Iryo tandukana, riva kubituma vyinshi, iyo bishitse, ni vyiza ko ubanza kwikuramwo umwe wambere n’u-bwo biba bitoroshe, kugira wugururire i-miryango uwuzokuri-kira.

Ni ivyukuri guta-ndukana n’umuku-nzi wawe birababaza cane, ariko vyonge-

Bimwe mu bintu vy’ibanze umuntu yokora kugira yoroherwe mu rugendo rwo kubaka urwiwe(Ibikurikira).

nabi, ugasanga wabaye umucakara hakuba u-mukunzi wiwe.

Kuba mukundana n’umusore rero, si u-kuvuga ko imisi yose wokwama umutura utubazo utu canke turiya? Haragera i-gihe bimuruhisha, urukundo ugasanga rugiye ruratituka.

Ntukaje mu ruku-ndo kubera ka naka

Burya ingendo y’u-wundi iravuna. Kuja mu rukundo ngo n’u-ko wabonye uwundi yabigiyemwo, uba wi-taye mu mugozi.

Banza wiyumvire neza ivyo ugiyemwo ivyo

ye si iherezo ry’isi. Nico gituma, kuba wongeye gukunda ca-nke gukundwa, si igihe co kwihora ku-ko umukunzi mu-shasha uba uronse, ataruhara na rumwe aba yaragize mwihe-mukirwa ryawe.

Kugira icizere

Icizere, niryo shingiro ry’urukundo. Imbere yo kuja mu rukundo, ubanza kuba wiyizeye wewe nyene, kuko bi-ragoye ko umwigeme canke umusore yo-kwizera, ubwawe a-tacizere wifitiye.

Kugira intumbero mu rukundo

Urukundo rutagira i-ntumbero, ni nk’inyo-ni iguruka itazi iyo iriko iraja. Mbega dukundana kugira dushike kuki? Kugi-ra bambone ko mfise umukunzi? Canke? Birababaje cane aho usanga urukundo rushobora kumara imyaka n’iyindi, ku-bera rutigeze rugira intumbero, rukara-ngirira gusambuka!

Urukundo rw’umu-sore n’umwigeme, ni urugendo runini, ru-va mu buzima bw’-umwe rugana mu buzima bwa babiri.

Kuja muri urwo ru-gendo rero, ni ukwi-tonda cane.

Chanel HARINGANJI

Gusangira akayi k’ikiyago, birabagara urukundo mu rugendo rw’abubakanye canke rw’abakundanye

Na twatujambo twiza tw’ubwongoshwe, turi mu biryosha tukongera tugakomeza n’urukundo

Fot

o : M

u b

ubik

o

Fot

o : M

u b

ubik

oNDONGOZI 763 9AMAKURU Y’EKLEZIYA

10 NDONGOZI 763 AGATEKA KA ZINA MUNTU

Ibikur. urup. 11

I. Amabi akorerwa aba-kenyezi ayo ari yoAmabi akorerwa abake-nyezi tugerageje gutanga insiguroyayo, dusanga ari ivyo vyose bikorerwa u-mukenyezi bene kubikora bakitwaza ngo ibitsina nti-bingana mu bushobozi, bi-gahonyanga agateka kiwe bigaheza bikaba intamba-myi mw’iterambere ryiwe, iry’umuryango n’iry’igihu-gu.

Amabi akorerwarwa a-ba-kenyezi tuyasanga ari mu mirwi 4 : *Amabi afatiye ku gufa-twa ku nguvu , * Amabi afatiye ku gusin-zikarizwa ubuzima – umu-biri , * Amabi afatiye ku gutun-tuzwa * hamwe rero n’amabi a-fatiye kw’ikumirwa mu vy’imibano n’ubutunzi.Turabe ayo mabi yose mu murwi umwe umwe u-kwawo.

• Amabi afatiye ku gu-fatwa ku nguvuAmabi afatiye kugufata ku nguvu, n’ugushaka canke guhuza ibitsina n’umuntu ku nguvu.N’ugushika kuri ico kintu ari uko habanje gukoreshwa inguvu.

Gufata ku nguvu biri bu-tandukanye nkuko tu-bisanga mu ngingo ya 2 y’ibwirizwa nomero 1/13 ryo ku wa 22 nyakanga 2016 rikinga amabi afa-tiye ku gitsina rigakingira n’abayakorewe: hariho gu-huza igitsina n’umuntu atabishaka ariko habanje gukorereshwa inguvu, gu-korakora umwana canke umuntu ku bibero, ku ma-bere ca-nke ku bihimba vy’irondoka atabishaka , hariho abagoka ku bana babo mu kugira amaban-ga mpuza bitsina canke abana usanga bagirirwa

amabanga mpuzabitsina n’ababareze, abigeme ba-kwegerwa mu bushura-shuzi, abakenyezi bakuba-gurwa n’abo bubakanye mu gihe bariko bararangu-ra amabanga y’abubatse , kurenga ibigo ariko guhe-mukira uwo mwubakanye mu kuja gushurashurana n’abandi bakobwa canke abagore, kugira uruda-ndazwa rw’abana b’abi-geme ku bantu atawundi mugambi babafiseko atari ukubakoresha mu bushu-rashuzi , abana b’abigeme barungikwa kwubaka ku nguvu batarakwiza imya-ka isabwa n’amategeko.

Ivyo bikunda kugirwa n’-abavyeyi babo canke abari mu kibanza c’abavyeyi, kenshi na kenshi bikava kuguhahamira amaronko.

Ku bisanzwe imyaka ye-mewe n’amategeko aha i-wacu mu Burundi umwana w’umwigeme ategerezwa kuba afise kugira yemere-rwe kuja kwubaka urwiwe ni 18 nk’uko ingingo ya 88 y’igitabo c’amategeko agenga ingo n’abantu mu Burundi ibivuga.

Ayo mabi yose kandi a-korwa hahonyanzwe ama-tegeko mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igiku-mu na cane cane ayerekeye ubwigenge hamwe n’ukun-gane kw’abantu imbere y’amategeko, ndetse ayo mategeko akaba akingira abantu bose ku rugero ru-mwe.• Amabi afatiye ku gu-sinzikarizwa umubiri

Aya mabi yerekeye kubaba-zwa k’umubiri nko gukubi-twa, guturizwa itabi, ipasi gushikurwa imishatsi, gu-komeretswa, kubohwa, gukebwa n’imbugita ca-nke gusukwako ibintu bi-rimwo ubumara.

Muri make ni kugirirwa nabi ku mubiri hakoreshe-jwe inguvu mu ntumbro yo kubabaza umubiri canke kuwukomeretsa.

Dufatiye ku mabi ajanye no gusinzikarizwa umubiri, dusanga aha iwacu mu Bu-rundi hariho abakenyezi ba-gikubitwa n’abagabo babo kubera imvo zitandukanye (akigenzo, kuvyara abako-bwa, ngo ntukunda umu-ryango w’iwabo w’umugabo …).

Tumenye ko iyo umuke-nyezi akorerwa amabi a-fatiye ku gusinzikarizwa umubiri, ari uguhonyanga agateka ka zina muntu nkuko tubisanga mw’itan-gazo mpuzamakungu ryu-bahiriza agateka ka zina muntu kuva ku ngingo ya mbere gushika ku ngingo ya 21, aho batubwira ko “umuntu uwo ariwe wese afise uburenganzira bwo kubaho n’ukwishira akiza-na mu buzima, kutagirwa umushumba, kudacurwa bufuni na buhoro n’ugufa-twa bunyamanswa mu bu-ryo businzikaza kandi bu-gatesha agaciro umuntu.

Ntitwokwibagira kandi ko hariho abagize umugen-zo gusinzikaza ubuzima bw’abakenyezi nk’akarore-ro abagabo bakubita aba-gore babo, bakibagira ko ari icaha gihanwa nk’ibin-di vyose nk’uko tubisanga mu kigabane ca 8, ingingo y’558 y’igitabo c’amategeko mpanavyaha mu Burundi.

• Amabi afatiye ku gu-tuntuzwa umutima

Amabi afatiye ku gutuntuza umutima ni amabi akore-rwa umukenyezi amutesha agaciro, ahanini akaba ava mu bitutsi atukwa canke amajambo y’akagaye n’-agasuzuguro abwirwa, i-kumirwa canke iterabwo-

ba agirirwa, kutamuha icubahiro, kugira ukwishi-ra no kwizana guke.Ituntuzwa ku mutima ry’-umukenyezi rishobora gu-tuma ahahamuka bijanye n’uko usanga afashwe nabi kandi agakubitwa kenshi. Ivyo bigatuma abona uwu-bimugirira canke uwusa nawe nk’igikoko.MN : Ikumirwa ry’umu-kenyezi riteye kubiri n’in-gingo ya 15 y’ikigabane ca 4 c’amasezerano mpu-zamakungu yo kurwa-nya ivyo vyose bikumira umukenyezi yemeza ko abantu bose bangana im-bera y’amategeko kandi bakanganya n’icubahiro, ko gukumira umukenyezi bituma atagira uruhara rungana n’urw’umugabo mu buzima bw’igihugu haba mu vya politique, mu vy’imibano, mu vy’ubutu-nzi n’akaranga, bigatuma umukenyezi atiyunguruza ngo yungure umuryango wiwe n’igihugu, atere in-tambwe.

• Amabi afatiye ku mi-bano n’ubutunzi

Aya mabi afatiye ku miba-no n’ubutunzi, atwereka neza ingene umukenyezi akumirwa mu vyerekeye u-buryo n’amatungo y’umu-ryango, aho usanga umu-gabo ariwe afise ububasha bwo kugenzura ivyo mu rugo vyose.

Dufatiye mu vy’imibano n’ubutunzi nyene, turasa-nga n’ubu mu Burundi ha-cibonekeza icinyizwa ry’-abakenyezi, aho usanga hariho mu miryango imwe imwe, aho abakenyezi u-sanga ata bubasha bafise kw’itunga ry’umuryango.

Tumenye twongere tugwanye amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme

11NDONGOZI 763

(Bitangurira ku rup.10)

Ikigo ca leta kijejwe guteza imbe-re agateka ka zina muntu no

gukinga ihonyabwoko «CPDHPG »

Aho usanga nko mu rugo umugabo afata agashora umwimbu yaronderanye n’umukenyezi wiwe ariko uwo mwimbu ugaheza uka-dandazwa wa mukenyezi atagishijwe inama yagira ngo aravuga agahabwa a-mahiri .

Ibi dusanga biciye kubiri n’ingingo ya 3 y’amaseze-rano mpuzamakungu yo kurwanya ivyo vyose biku-mira umukenyezi ivuga ko umugabo n’umukenyezi bafise uburenganzira bun-gana mu biraba ubutunzi, imibano n’imico kama. Tubisanga kandi mu gi-tabu c’amategeko agenga ingo n’abantu mu Burundi mu ngingo y’126 ivuga ko abubakanye batavyumvi-kanye ata numwe muri bo afise uruhusha rwo ku-dandaza canke kurwati-riza ico mu rugo.

Ivyo duhejeje kudondagu-ra ahanini biva ku buke-ne aho umukenyezi yama azeye inze muvy’ubutunzi, aho azera uburyo ku mu-shingantahe wiwe. Birava kandi n’ukutamenya ama-tegeko canke naho bokore-rwa ayo mabi bakaguma banumye ngo kwoba kwi-teza isoni.

II. Inkurikizi z’amabi akorerwa abakenyezi

Inkurikizi z’amabi akorerwa abakenyezi ziva ku bwoko bw’amabi umuntu aba ya-korewe nazo zikaba zibone-keza mu mice 4: iziboneke-za ku rukoba,izibonekeza mu kibano, izibonekeza mu migenzo, hamwe n’izibone-keza mu nyifato.1. Inkurikizi zibonekera ku rukoba

Izo nkurikizi zibonekera ku bikomere nyene guko-rerwa ayo mabi usanga afise ku mubiri. Ivyo biko-

mere bishobora gutangura ari ibikomere bisanzwe, mu nyuma bigakomera gushi-ka naho bishobora gutuma umuntu aba ikimuga canke akitaba imana. Umuntu ashobora nukwandura si-da canke izindi ngwara zi-fatiye mu bihimba vy’iro-ndoka, ubumuga bwo ku mu biri canke akamana ibikomere bidakira.2. Inkurikizi zibonekeza mu kibano

Izi nkurikizi nazo tuzi-sanga aho umuntu abaye, aho akorera, aho agendera n’ahandi. Aho naho usan-ga uwakorewe ayo mabi atagihabwa nirwere n’uwo bubakanye canke umu-ryango agakumirwa ku kazi canke mu runganwe, akahukana ndetse ntabe akigira n’uwo bayaga.

3. Inkurikizi zibonekeza mu migenzo

Izo nkurikizi zibonekeza muri bino bikurikira :ha-riho ababa batacipfuza kurangura amabanga y’a-bubatse, bashobora kugira ingorane zo gufungura bivuye k’ukubura akaya-bagu,hariho abo usanga bagira ingorane zo gutora agatiro canke izo kwikan-gura ku gihe,hariho aba-gerageza kwirinda abantu, ahantu, ibihe canke ibiya-go bibibutsa amakuba ba-ciyemwo.

4. Inkurikizi zibonekera mu vy’ubutunzi

N’azo ahanini ziva ku kun-tu uwakorewe ayo mabi ataba agishoboye gukora. N’uburyo bwomutunze abu-marira mu kwivuza canke mu gukurikirana idosiye y’urubanza iyo yitwariye uwamukoreye ayo mabi muri sentare yoshobora kumutunganiriza.Ikindi gituma haba isubira inyuma mu butunzi, nuko

umwanya wokoreshejwe mu gukora udukorwa two mu rugo nko kurima n’ibi-ndi, ukoreshwa mu kwama ariko araja kwa muganga canke kuburana muri se-ntare.

Umukenyezi yakorewe a-mabi nkayo akenera ibi-ntu vyinshi kuko aba ari mu buzima budasanzwe. Usanga ababaye, atabo-na neza ico yokora, afise ubwoba budasanzwe ari naco gituma akeneye uwu mwama hafi, akamushigi-kira akongera akamufasha muvyo yoba ashoboye vyo-se. Ahanini umukenyezi ya-korewe ayo mabi akunda gukenera ibi bikurikira :umuntu ashobora kumu-fasha mu kwumwumvi-riza akongera akamute-gera muri izo ngorane afise, arakenera uwomu-tunganiriza arakenera u-womufasha mu kwivuza ibikomere aba afise, ku-mukingira ingwara zica mu bihimba vy’irondoka nka sida n’izindi; arake-nera ndetse n’umuganga yokwitura umwanya uwo ari wo wose ashikiwe n’izo ngorane ,arakenera uwo-mufasha kugabanya umu-babaro afise ku mutima ,ikibano comufasha kika-muguma hafi kikirinda kumukumira.

Ariko rero ntawoca atana n’akabando ngo aho yarwa-nirijwe k’adahera, oya data n’ukuraba ico twokora ku-gira dukinge ayo mabi ako-rerwa abakenyezi.III. Ingene twogwanya amabi akorerwa abake-nyeziHokorwa ibishoboka vyose kugira ngo dukinge amabi akorerwa abakenyezi kuko ingaruka mbi zayo zikora kuri twese mu kibano kuko burya iyo umukeny

ezi ababaye, n’umuryango uba ubabaye, umuryango iyo ubabaye naho, umuba-no wose ntiwifata neza. Uburyo rero bwo kujijura ikibano kugira ngo duki-nge ayo mabi akorerwa a-bakenyezi bushobora ku-ba ubu bukurikira :- Kugwiza inyigisho mu banyagihugu zijanye n’in-gene twokinga amabi ako-rerwa abakenyezi n’ingene twofasha uwo yashikiye ;- Gutanga inzandiko zija-nye no gukinga ayo mabi ;- Kugwiza inyigisho mu bi-janye n’amategeko agenga abakenyezi, abanyagihugu bakaronswa ibikoresho bi-bafasha gukinga ayo mabi babifashijwemwo n’imbo-neza ku mitumba canke abaremeshakiyago;

- Guha agaciro n’ubus-hobozi umukenyezi mu ndero no mu nyigisho.

Mu gusozera, twomenya ko dufatiye kuri ca civugo gihayagiza abakenyezi ki-vuga ko umukenyezi ari inkingi y’umuryango, u-mukenyezi ar’inkingi y’u-burundi akaba n’inkingi y’iterambere rirama, nta kazoza imiryango yoba ifi-se mu gihe hoguma hibo-nekeza ayo mabi duhejeje kudondagura.

Nk’uko abarundi baya-maze ngo imiti ikora iko-ranye, biragaragara neza ko twese hamwe dutege-rezwa kuvira hasi rimwe tukarwanya bimwe bibo-neka inkomoko iy’ariyo yose y’amabi akorerwa a-bakenyezi .

AGATEKA KA ZINA MUNTUTumenye twongere tugwanye amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme

Ndongozi y’Uburundi

12 NDONGOZI 762 AMAKURU Y’EKLEZIYA

Ntiturambirwe no ku-gwanya inambu y’akaryo-heramubiri, ukwo kuba nta magara kuduhindira kwigungirako no mu nabi yose, kugashika, uko imyaka igenda, ku mayira atandukanye a-tuma umuntu agwa mu gicumuro (raba Inyigisho Fratelli tutti, n. 166).

Imwe muri izo nzira ni uguhakwa gutwarwa n’-ibimenyeshamakuru vyo mu buhinga bwa none, gutitura imigenderanire hagati y’abantu.

Ikarema ni igihe kibe-reye co kurwanya ivyo vyose hamwe no guko-meza riho uburyo bwo kuganira n’abantu bwi-sanzuye (raba Inyigisho Fratelli tutti, n. 43), bu-gizwe « n’amahwaniro y’-ukuri » (Inyigisho Fra-telli tutti, n. 50), amaso mu yandi.

Ntiturambirwe mu gu-kora iciza mu rukundo ruboneka kuri mugenzi wacu. Muri ino Karema, nidufashe abandi mu gu-tangana akamwemwe (ra-ba Abanyakorenti 9, 7).

Imana « itabaza umubi-vyi imbuto n’umukate wo gufungura» (2 Abanyako-renti 9, 10) ikitaho umwe wese muri twebwe, atari ukugira gusa dushobore kuronka ivyo dufungura, ariko kandi dushobore ku-garagaza urukundo mu kugirira iciza abandi.

Usangwa ari vyo ko ubu-zima bwacu bwose ari igihe co kubiba iciza, ni-tubonereho cane cane

muri ino Karema, kugira ngo twiteho bagenzi bacu, kugira ngo natwe tubere abagenzi abo benewacu na bashiki bacu bakome-rekeye ku nzira y’ubu-zima (raba Luka 10,25-37).

Ikarema ni igihe kibe-reye co:

* kurondera abari n’ico bakeneye, aho kubirin-da;

* guhamagara, atari ukwi-nuba, abakeneye kwu-mvirizwa n’abakeneye ijambo ryiza ;

* kuja kuraba, atari ugu-heberana, abababajwe n’-ukuba bo nyene.

Nidushire mu ngiro u-muhamagaro wo gukore-ra iciza bose mu gufata umwanya wo gukunda abatobato n’abatagira i-kibarwanira, abahebwe n’abakengerwa, uwuzira amacakubiri n’ikumirwa (raba Inyigisho Fratelli tutti, n. 193).

3. « Tuzokwimbura ni-tutatezura »

Ikarema itwibutsa uko umwaka utashe ko « ici-za, co kimwe n’urukun-do nyene, ubutungane n’ugushigikirana bita-ronkerwa rimwe ubuta-gisubira ; ni ukubiron-dera ku musi ku musi » (Inyigisho Fratelli tutti, n. 11).

Nidusabe rero Imana ukwiyumanganya ku-datezuka kw’umurimyi (raba Yakobo 5, 7) kugi-ra ngo ntiduhebe gukora iciza, intambwe ku yindi. Uwuguye nahereze uku-boko Imana, Yo Muvyeyi yama avyura uwaguye.

Uwatakaye ahenzwe n’a-mageragezwa ya sekibi, ntatebe kugaruka ku Mana kuko « ikigongwe cayo ari cinshi » (Izaya 55,7).

Muri kino gihe c’ukwi-subirako, gishingiye ku nema y’Imana no mu bunywanyi bw’Ekleziya, ntiturambirwe no kubi-ba iciza.

Ukwisonzesha bitegura ikibanza, igisabisho kika-kivomera, urukundo ru-kakimeza.

Turafise icemezo mu kwemera ko « tuzokwi-mbura nitutatezura » kandi ko kubw’ingabi-rano yo kurinda rugabo, tuzoshikira ivyo tweme-rewe (raba Abahebereyi 10,36) kubw’urukiza rwacu twebwe nyene no kurw’abandi (raba 1 Ti-mote 4, 16).

Mu kugirira urukundo bose, twunga ubumwe na Kristu, we yadupfiriye (ra-ba 2 Abanyakorenti 5, 14-15) kandi tuboneraho guhonja agahimbare k’U-bwami bw’Ijuru, igihe I-mana izoba « vyose muri bose » (1 Abanyakorenti 15, 28).

Bikira Mariya, we yatu-vyariye Umukiza, akama azigama ayo majambo yose « kandi akayaziri-kana mu mutima wiwe » (Luka 2, 19), nadusabire ingabirano y’ukudatezu-ka yongere atube hafi mu buvyeyi bwiwe, ku-gira ngo iki gihe c’ukwi-subirako came ivyamwa vy’urukiza rwamaho.

Bigiriwe i Roma, kw’Isengero Nkuru yitiriwe Umweranda Yohani w’i Laterano, Igeneke-rezo rya 11 Munyonyo 2021, Umusi w’ukwibuka Umwe-randa Martino, Umwepis-kopi.

FRANSISKO

(Bitangurira ku rup.5)

Inyigisho ya Nyenubweranda Papa Fransisko yerekeye ikarema y’umwaka 2022